Ibrahimovic wo muri Man Utd arondegwa n'imigwi ya MLS

Zlatan Ibrahimovic yinjirije Man Utd ibitsindo 28 mw'ihiganwa riheruka Uwufise ububasha kw’isanamu Getty Images
Image caption Zlatan Ibrahimovic yinjirije Man Utd ibitsindo 28 mw'ihiganwa riheruka

Zlatan Ibrahimovic akina muri Manchester United ariko arondegwa n'imigwi ibiri yo mw'ihiganwa rikomeye ry'umupira w'amaguru Major League Soccer (MLS) ryo muri Amerika, igihe yoba yahisemwo kuva i Buraya.

Ibrahimovic ariko aratora mitende inyuma yaho abagiwe ivi.

United ntiravuga ko itazogumya uwo mukinyi w'imyaka 35 ku kiringo c'igihe gito ni yaramuka akize, ariko imigwi LA Galaxy na Los Angeles FC yo muri Amerika, yose iramurondera.

Uwo munya Suède yavuze ko azosohora "itangazo rikomeye" kuri kazoza kiwe vuba.

Uwumufasha mu vy'akazi, Mino Raiola yavuze ko uwo mukinyi w'imbere yahora akinira umugwi wa Suède azoguma i Buraya mu gihe mu kwezi kwa gatatu, LA Galaxy yabwiye Ibrahimovic ko ishobora kumuhemba amahera atari bwigere atangwa mu mateka ya MLS.

Umumenyereza wa LA Galaxy ntaco yavuze ku bivugwa kuri uwo mukinyi wa kera w'imbere wa Paris St-Germain, ariko avuga ati "intego ya Galaxy niyo gukinisha abakinyi ba mbere beza kw'isi, kandi turiko turarondera umwe muribo".