Kafando: Inyishu y'ikibazo c'u Burundi yoboneka

Intumwa ya Onu Michel Fafando (i buryo) hamwe na Evariste Ndayishimiye, umunyamabanga mukuru wa CNDD/FDD
Image caption Intumwa ya Onu Michel Fafando (i buryo) hamwe na Evariste Ndayishimiye, umunyamabanga mukuru wa CNDD/FDD

Intumwa idasanzwe ya ONU mu Burundi,Michel Kafando, ifise icizere kw'ikibazo c'u Burundi gishobora gutoregwa umuti. 

Bwana Kafando yarangije urugendo mu Burundi  rwo kubonana n'abafise uruhara  rw'imbere mu buzima bw'igihugu.

Amakungu asa n'ayariko aravyura akariro ku biganiro  hagati ya leta y'uburundi n'abatavuga rume nayo, ibiganiro bisa n'ivyaryamye kuva umuhuza w'akarere Bennjamin Mkapa ananiwe  no gushika ku masezerano mu mpera z'ukwezi guheze nk'uko yari yavyiyemeje.

 Michel Kafando yari amaze indwi yose abonana n'abanyepolitike, abarongoye amashirahamwe adaharinra inyungu za poloitike, abarongoye amadini , hamwe n'abaserukira ibihugu vyabo naho mu Burundi. 

Mu rugendo rwa mbere mu mpera z'ukwezi guheze ho yari yabonanye n'abarongoye igihugu. 

Uretse umunsi yobanana n'umuhuza w'abarundi aho yavuze ko bateranye intege ko mabanga bajejwe, Michel Kafando muri iyo  mibonano imaze indwi yose, ntaco yigeze  ashikiriza icese  ku buryo yagenze n'icayivuyemwo.

Gusa, urwo rugendo rurangiye ibiro vyiwe vyasohoye itangazo aho bivuga ko yasanze  impande zose bavuganye zitumbereye inzira nziza  mbere ngo akaba afise icizere  c'uko  ikibazo kiri mu Burundi gishobora gutora inyisshu biciye mu biganiro vyoba vyuguririwe bose mu buryo bwose bushoboka.

Inyuma y'urugendo rwa mbere mu Burundi Kafando yaciye aja Dar es Salaam kubonana na Benjamin Makapa umuhuza mu biuganur9o0 vy'abarundi, yongera aja Addis Abeba ku cicaro c'ishirahamwe ra Africa  rishigikiye ivyo biganiro.

Image caption Umuhuza Benjamin Mkapa (uwa kabiri i bubamfu) mu biganiro vy'amahoro i Arusha mu kwezi kwa kabiri 2017

Itangazo rivuga ko intambwe ikurikira ari uko Michel Kafando azoca aja kubwira inma ya ONU ijejwe umutekano ingene yasanze ikibazo cifashe, ivyo bikaba bitegekanijwe  itariki 26 uku kwezi aho azoba ari kumwe n'umuhuza Benjamin Mkapa.

Michel Kafando ariko aragerageza aho abatari bake bananiriwe. Leta y'uburundi  imaze igihe yiyamiriza ingingo  ONU ifatira Uburundi harimwo irungikwa ry'inteko z'abapolisi hamwe n'umurwi npuzamakungu zo gutuhoza amabi yakozwe kuva mu kwezi kwa kane mu 2015.

Eka na Benjamin Mkapa yari yiyemeje kurangiza ibiganiro mu mpera z'ukwezi guheze  ntiyabishikako.