Nigeria: Abarovyi 97 bishwe n'abasirikare ba Cameroun

Nigeria yahebeye Bakassi Cameroon mu 2008 Uwufise ububasha kw’isanamu AFP
Image caption Nigeria yahebeye Bakassi Cameroon mu 2008

Inama nshingamateka ya Nigeria iriko iratohoza ku makuru avuga ko abarovyi 97 bishwe mu karere ka Bakassi ubutegetsi bweguriye Cameroun.

Amakuru avuga ko ubwo bwicanyi bwabaye mu ndwi iheze, igihe umugwi w'abantu bigenza nk'abasirikare baje gutangisha umusoro w'amadolari 300 ku muntu wese aroba.

Umushikiranganji w'intwaro yo hagati ya Nigeria, Abdulrahman Dambazau, yagirije Cameroun guhonyanga amasezerano bagiranye yo gukingira abanyagihugu babo.

Ubutegetsi bwa Cameroun ntaco burabivugako.

Cameroun yahawe kugenzura akarere ka Bakassi kagwiriyemwo ibitoro mu 2008, inyuma yaho sentare mpuzamakungu y'ubutungane ibitegetse uko, mu kurondera guheza amakimbirane yari hagati y'ivyo bihugu.

Abacitse kw'icumu muri ubwo bwicanyi bashitse muri Nigeria bafise inguma, nkuko umumenyeshamakuru wa BBC Naziru Mikailu ari i Abuja yabishikirije.

Mu kiringo c'imfatakibanza c'imyaka itanu cashinzwe na Onu, bitegekanijwe ko abanyagihugu bo muri ako karere benshi bagizwe n'abarovyi bo muri Nigeria, batarihishwa ikori.