Trump arakariye abimukira badafise ivyangombwa

Politike ya Trump ku bimukira ntishigikiwe na benshi Uwufise ububasha kw’isanamu Getty Images
Image caption Politike ya Trump ku bimukira ntishigikiwe na benshi

Ubutegetsi bwa Leta Zunze Ubumwe za Amerika bumaze iminsi buhiga n'abimukira badafise ivyaha bibagira, bitewe n'ivyo Prezida Trump yemeye mu matora ko azokarira abimukira badafise ivyangombwa.

Ku bantu imiliyoni 11 b'abimukira baba muri Amerika badafise ivyangombwa, Bwana Trump yari yavuze ko azobanza kwirukana ubwa mbere abakurikiranwa n'ubutungane.

Mu mategeko aheruka gusohoka, abimukira badakurikiranwa n'ivyaha nabo nyene bafashwe kumwe, bakaba bitezwe gusubizwa mu bihugu bavuyemwo.

Benshi mu bimukira badafise ivyangombwa mu minsi ijana ya mbere y'uburongozi bwa Trump bari abakurikiranwa ku vyaha bitandukanye, ariko hari n'abantu barenga 10000 badafise ivyangombwa nabo nyene bahagaritswe, incuro zibiri ku bahagaritswe mu mwaka uheze muri mwenico gihe.