UK: Aba 18 nibo bagiye kuraba ivy'ibitsina kuri mudasobwa kuva 2018

Ibice 19% vy'abana ngo barahiga ahari imibonano mpuzabitsina (pornographie) ku mbuga za mudasobwa Uwufise ububasha kw’isanamu Science Photo Library
Image caption Ibice 19% vy'abana ngo barahiga ahari imibonano mpuzabitsina (pornographie) ku mbuga za mudasobwa

Mu gihugu c'Ubwongereza (UK), abipfuza kuraba ibijanye n'ibitsina (pornographie) ku mbuga zo kuri mudasobwa, bagiye kuja barabanza gutanga ivyemeza ko bakwije imyaka 18, ni ingingo ubutegetsi bugiye gushikiriza.

Abafise imbuga mwenizo kuri mudasobwa bagiye gusabwa gushiraho uburyo bwo kugenzura imyaka kuva mu kwezi kwa kane 2018, mu ntumbero yo gukomeza indero y'abana.

Abakoresha mudasobwa bashobora gusabwa gutanga ibibaranga biri ku makarata ya banki (credit cards) kugira bugurure izo mbuga, nka kurya kw'abakina akamari.

Amashirahamwe atazokwubahiriza ayo mategeko ari muri "Digital Economy Act" ashobora kwugagwa n'ababaha umuhora wa "internet".

Hari ikigo kigiye gushingwa, kizofasha gushira mu ngiro ayo mategeko mashasha.

Mu cigwa cakozwe, hatowe ko ibice 28% vy'abana basanga baguye ku masanamu canke ama "video" y'abakorera imibonano mpuzabitsina ku mbuga, mu gihe 19% bironderera izo mbuga z'"ibishegu".