Nigeria: Umugore w'umwiyahuzi yishe abantu 8

Ikarata ya Nigeria
Image caption Ikarata ya Nigeria

Umugore yiturikije ku musigiti uri mu gisagara ca Maiduguri mu buraruko bushira ubuseruko bwa Nigeria, yahitanye abantu 8, abandi 15 barakomereka.

Ivyo vyashikirijwe na Ahmed Satomi, arongoye ikigo citaho abaremvye mu ntara yigenga ya Borno, ku itororokanirizo ry'amakuru AFP.