Tanzaniya: Abantu babiri bapfuye babatizwa mu ruzi ku wa Mungu

Ikarata ya Tanzaniya
Image caption Ikarata ya Tanzaniya

Abantu babiri barapfuye ku munsi wa Mungu bariko babatirizwa mu ruzi mu karere ka Rombo, mu ntara ya Kilimanjaro mu buraruko bwa Tanzaniya.

Ku bw'icegera c'uwurongoye igipolisi Hamisi Selemani Issa, abo bantu babiri babatizwa bibikwa mu mazi n'umupasitori w'ishengero Shalom, riri mu karere ka Rombo.

Batwawe n'amazi y'uruzi Ungwasi igihe bari bibitswe mu ruzi munyuma hakaduka imikuba ikomeye y'amazi.

Ntibiramenyekana ingene uwo muvugabutumwa hamwe n'abo bari kumwe basimvye imanga.

Icegera c'uwurongoye igipolisi yabwiye BBC ko uwo mu pasitori hamwe n'abakirisu bari kumwe, batawe muri yompi kugira ngo basambishwe.