Igihugu ca UAE kirahakana kwabura urubuga rw'igihugu ca Qatar

Igihugu ca Qatar carafatiwe ibihano vy'ubutunzi n'umugwi w'ibihugu vy'abarabu Uwufise ububasha kw’isanamu Reuters
Image caption Igihugu ca Qatar carafatiwe ibihano vy'ubutunzi n'umugwi w'ibihugu vy'abarabu

Ubutegetsi bwa Emirats Arabes Unis (UAE) burahakana amakuru abuvugwako ko bwabuye urubuga ngurukanabumenyi rw'ikigo c'amakuru ca Qatar mu kwezi kwa gatanu.

Ikinyamakuru Washington Post kivuga ko abakozi bo mu kigo c'iperereza ca Amerika bavuze ko UAE yashize amakuru aturira ku ndongozi ya Qatar, aho ngo yoba yashimagiza igihugu ca Irani, kidacuditse n'ibihugu vyinshi vy'abarabu.

Ivyo vyatumye haba indyane za politike hagati ya Qatar n'ibihugu bibanyi.

Umushikiranganji w'imigenderanire wa UAE, Anwar Gargash yabwiye BBC ku munsi wa mbere ko ayo makuru atariyo.

Yongeye avuga ko UAE hamwe n'ibihugu bitanu vy'abarabu batandikiye Fifa basaba ko Qatar yokwakwa gucumbikira urukino rw'umupira w'amaguru rw'isi yose rutegekanywa mu 2022.

Yashigikiye ibihano vyashizwe ku gihugu ca Qatar, avuga ko vyananse ko bagondoza Qatar kureka gufasha imigwi y'aba "jihadistes".

Ikinyamakuru co c'Ubuswisi "The Local" kivuga ko amakuru atariyo yakoporowe yegekwa ku mukuru wa Fifa Gianni Infatino, yashizwe ku rubuga ku munsi wa gatandatu.

Amakuru aturuka muri Washington Post avuga ko abakozi bo mw'iperereza rya Amerika baronse amakuru asuzumwe avuga ko itariki 23 z'ukwezi kwa gatanu, abakozi bakomeye bo muri leta ya UAE bariko barumvikana ku mugambi wo kwabura imbuga ngurukanabumenyi z'ikigo c'amakuru ca Qatar.