Abategetsi ba Amerika n'Uburusiya babonanye

Inzu z'Uburusiya zigaruriwe na Amerika Uwufise ububasha kw’isanamu AFP
Image caption Inzu z'Uburusiya zigaruriwe na Amerika

Inama hagati y'abategetsi ba Amerika n'Uburusiya yari yerekeye isubizwa ry'inzu z'Uburusiya zibiri yafashwe kuva mu kwa cumi na kabiri mu mwaka uheze n'ubutegetsi bwa Obama, yarangiye.

Nta ca bashikirije abamenyeshamakuru, ariko igihe babazwa n'abamenyeshamakuru bari barindiriye kumenya ikivuye muri uwo mubonano wabo, abategetsi b'Uburusiya bishuye mu majambo make ngo "Muri rusangi twumvikanye kuri vyose".

Mu misi iheze, Uburusiya bwaragabishije ko bushobora gufata ingingo yo kwihora mu gihe hosubira gushirwa ibindi bintu muri ayo mazu. Ivyo bibanza vyari vyigaruriwe na Amerika bavuga ko vyakoreshwa mu gusuma urusaku.

Uburusiya bugiye kwirukana abaserukira amerika 30

Mail 'zivuga ku nama hagati ya Trump Jr n'Uburusiya'

Umushikiranganji w'imigenderanire y'Uburusiya Sergei Lavrov yaranebaguye Amerika muco yise "Ubusuma bwo ku mugaragaro."

Politike muri Amerika ntiyifashe neza mu gihe hariko haraba amatohoza ku Burusiya kubivugwa ko bwivanze mu matora yo muri ico gihugu.