RD Congo: Umukuru w'igipolisi yahinduwe

Prezida Joseph Kabila yategerezwa gutanga ubutegetsi mu mpera z'umwaka uheze ariko ikiringo ciwe congewe amezi 12 Uwufise ububasha kw’isanamu Reuters
Image caption Prezida Joseph Kabila yategerezwa gutanga ubutegetsi mu mpera z'umwaka uheze ariko ikiringo ciwe congewe amezi 12

Umukuru w'igihugu ca Repubulika Iharanira Intwaro rusangi ya Congo (RD Congo), Joseph Kabila yakuye mu mabanga uwurongoye igipolisi c'igihugu Charles Bisengimana yasubirije n'umujenerali wa kera Amuli Bahigwa.

Prezida yahinduye n'umukuru w'igipolisi ku mugwa mukuru Kinshasa, Célestin Kanyama.

Bwana Kanyama ni umwe mu bategetsi ba Congo bafatiwe ibihano na Amerika hamwe n'umuryango w'ibihugu vya Buraya.

Yagirizwa ivyaha vyo guhohotera kiremwa muntu mu myiyerekano ya politike yagiye iraba.