Uwurongoye ishirahamwe ry'umupira rya Espagne arapfunzwe

Angel Maria Villar Llona aregwa na Fifa ku kuburagiza itohoza Uwufise ububasha kw’isanamu EPA
Image caption Angel Maria Villar Llona aregwa na Fifa ku kuburagiza itohoza

Umukuru w'ishirahamwe ry'umupira w'amaguru "Spanish Football Federation" hamwe n'umuhungu wiwe barapfunzwe kubera ibiturire n'ukunyuruza amahera, niko amakuru ava mu bucamanza avuga.

Angel Maria Villar Llona yafashwe yikekwa kunyuruza amahera y'ishirahamwe, ibinyamakuru El Pais na Efe niko vyanditse.

Bwana Villar, umunya Espagne yahora ari umukinyi yabigize umwuga, arongoye iryo shirahamwe kuva 1988.

Umuhungu wiwe Gorka ari mu bantu bagiye barafatwa kuri uno wa kabiri.

Sentare nkuru ya Espagne yabwiye Reuters ko umwe mu bakora itohoza n'abajejwe imanza z'ibiturire bari mu bashinzwe iryo tohoza.

Ikinyamakuru Efe kivuga ko hari amanyanga yakozwe yo kwigarurira amahera igihe c'itunganywa ry'inkino mpuzamakungu z'umupira w'amaguru.

Bwana Villar canke abamushigikira mu rubanza ntaco baravuga kuri ivyo birego.

I