Abana 547 bakorewe amabi ku kiringo c'imyaka 60 mu Budagi

Icegeranyo kivuga ko abana bo kw'ishuli Regensburger Domspatzen bakorewe amabi mu "gacerere ntangere" Uwufise ububasha kw’isanamu Getty Images
Image caption Icegeranyo kivuga ko abana bo kw'ishuli Regensburger Domspatzen bakorewe amabi mu "gacerere ntangere"

Niburiburi abana b'abahungu 547 baririmba muro korale y'ishuli rya Regensburger Domspatzen barahohotewe abandi bakoregwa ibiterasoni ku kiringo c'imyaka 60, nkuko icegeranyo gishasha kivuga.

Abihebeyimana 49 ba Ekleziya Gatolika nibo bagirizwa ayo mabi kuva mu 1945 gushika mu 1990, ku vyatowe mw'ico cegeranyo.

Abakorewe ayo mabi bavuga ko ivyo baciyemwo bimeze nko "ibohero, umuriro udahera canke ikambi y'aba Nazi".

Icegeranyo co mu 2016 kuri ivyo birego kivuga ko abana 231 bakorewe amabi.

Ayo mabi ngo yakorewe abana baja ku mashuli y'intango nay'ayisumbuye ya Regensburger Domspatzen, ku bw'umnyamategeko yasabwa kuyakorako itohoza, Ulrich Weber.

Abaserukira korale ya Regensburger Domspatzen bitezwe kwishura kuri ico cegeranyo.

Ashikiriza ivyo yubuye kuri uno wa kabiri, Bwana Weber yavuze ko iryo tohoza ryaguye ku bana 500 bahohotewe, 67 barasambanishwa, ivyo ngo bikaba vyabaye mu myaka 60.

Ku bihebeyimana 49 bakoze ayo mabi mu "gacerere", icenda bagirizwa gusambanya abo bana, niko Bwana Weber yavuze.