Rwanda: Abasirikare barenga 800 basezerewe mu ngabo

Abasirikare bagiye gufasha gutsimbataza amahoro n'umutekano mu bihugu bitandukanye vya Afrika Uwufise ububasha kw’isanamu AFP
Image caption Abasirikare bagiye gufasha gutsimbataza amahoro n'umutekano mu bihugu bitandukanye vya Afrika

Abasirikare barenga 800 barimwo intwazangabo zo ku ngazi zo hejuru basezerewe n'ubutegetsi bw'u Rwanda, bamwre mu kuba bageze mu za bukuru, abandi kuberako bakitswe n'amagara.

Muri abo basezerewe harimwo abasirikare babiri b'ipete rya Jenerali bigeze kurongora igisata c'iperereza, Jenerali Karenzi Karake na Jenerali Jack Nziza.

Mu mwaka uheze abo ba jenerali barahinduriwe akazi, abantu benshi bakabona ko kwasa n'ukumanugwa mu mabanga.

Ku bw'ubushikiranganji bwo kwivuna abansi bw'u Rwanda, abahagaritswe mu kazi bari bageze mu myaka yabo y'iza bukuru, abandi nabo vyatewe nuko bakitswe n'amagara.

Umumenyeshamakuru wa BBC akorera mu gisagara ca Kigali, Yves Bucyana avuga ko abaserewe bose ari 817.

Mu mwaka w'i 2015 arongora igisata c'iperereza, jenerali Karenzi yarafatiwe mu gisagara ca Londres ku mutahe wasohowe n'igihugu ca Espagne, akurikiranwa ku vyaha vyo mu ntambara mu gihugu c'u Rwanda no muri Repubulika Iharanira Intwaro rusangi ya Congo, ariko munyuma arasubira mu gihugu c'u Rwanda.