Somalia: Nouh Yonis yaronse agashimwe mu mazina

Deeqa Nouh Yonis w'imyaka 23 niwe yatsindiye agashimwe k'uno mwaka ka "Young Female Poet"
Image caption Deeqa Nouh Yonis w'imyaka 23 niwe yatsindiye agashimwe k'uno mwaka ka "Young Female Poet"

Umusomalikazi Deeqa Nouh Yonis yatahukanye agashimwe mu vy'amazina mw'ihiganwa ryateguwe na BBC y'igi Somali uno mwaka, mu kwigina imyaka 60 iheze ico gisata c'itangazamakuru gitangujwe.

Uwo mwigeme w'imyaka 23 ari mu mwaka wa kabiri wa Kaminuza, yarushije abandi 100.

Amazina (poème) yanditse atanga insiguro y'ukworora ibitungwa mu mico y'aba Somali no ku mfungugwa zijanye n'imico yabo.

Iryo higanwa ryari ryugururiwe abantu bosre bafise imyaka iri hagati ya 16 na 35 ata kuraba ubuzobere umuntu afise canke aho yoba aturuka.

Ayo mazina ategekanywa gusomwa uno munsi mu makuru aca kw'iradiyo.

Umuco wo kwivuga amazina uragwiriye cane mu ba Somali, iri higanwa rya BBC y'igi Somali yumvirizwa n'abantu imiliyoni 3.6, rigashobora gutuma abakobwa bitanga kurusha mu kwandika amazina no gutuma igitigiri c'abakobwa bumviriza iyo radiyo ciyongera.

Deeqa Nouh Yonis agiye guhabwa agashimwe k'amapawundi 500 (amadolari 650).