Umukuru w'ishirahamwe ry'umupira w'amaguru muri Espagne, Angel Maria Villar Llona yahagaritswe

This file photo taken on July 21, 2016 shows President of the Spanish football federation, Angel Maria Villar, Uwufise ububasha kw’isanamu AFP/Getty Images
Image caption Angel Maria Villar Llona yari yahanywe na FIFA azira kutifatanya n'urwo rwego mu matohoza

Angel María Villar Llona, arongoye ishirahamwe ry'umupira w'amaguru muri Espagne yahagaritswe kugira abazwe ivyerekeye igiturire nk'uko bivugwa n'igipolisi.

Angel Maria Villar Llona yahagaritswe azira ukwikekwa ko yoba yaranyuruje amahera, bikaba vyandikwa n'amatororokanirizo y'amakuru ya El Pais na Efe.

Villar, yahoze akinira umugwi wa Espagne, yari umukuru w'ishirahamwe ry'umupira w'amaguru muri ico gihugu kuva mu 1988.

Umuhungu wiwe, Gorka ari mu bandi bantu bafatanywe na we mu bikorwa bitandukanye vy'igipolisi vyabaye kare mu gatondo ko ku musi wa kabiri.

Barcelone izoriha amande ya miliyoni 5,5 Euro

Jose Mourinho aragirizwa kutariha ikori muri Espagne

Sentare nkuru yo mu gihugu ca Espagne yabwiye Reuters ko umwe mu bacamanza b'ayo hamwe n'abashikirizamanza barwanya ibiturire ari bo barongoye ayo matohoza.

Uwufise ububasha kw’isanamu EPA
Image caption Bivugwa ko umuhungu wiwe Gorka Villar ari mu bahagaritswe

Ibinyamakuru vyo muri Espagne bivuga ko ivyo yagirizwa bifatiye ku mpapuro z'impimbano hamwe n'inyungu z'amahera aronka avuye mu nkino mpuzamakungu.

Nta co gushika ubu Villar w'imyaka 67 canke abamuburanira barabivugako.