Ibihe bidasanzwe mu buraruko bushira uburengero bwa Sudan y'epfo

Prezida wa Sudan y'epfo, Salva Kiir, yatangaje ibihe bidasanzwe mu karere ko mu buraruko bushira uburengero bw'ico gihugu Uwufise ububasha kw’isanamu Reuters
Image caption Prezida wa Sudan y'epfo, Salva Kiir, yatangaje ibihe bidasanzwe mu karere ko mu buraruko bushira uburengero bw'ico gihugu

Prezida wa Sudan y'epfo, Salva Kiir, yatangaje ibihe bidasanzwe mu karere ko mu buraruko bushira uburengero bw'ico gihugu.

Iryo tangazo ryaciye ku mboneshakure y'igihugu, ntiryadomyeko urutoke ku mpamvu zitumye hafatwa iyo ngingo.

Iyo ngingo y'ibihe bidasanzwe izomara amezi atatu.

Intambara ibera muri Sudani y'epfo imaze guhitana abantu ibihumbi n'ibihumbi abandi barenga imiliyoni zibiri bakaba bamaze guta izabo kuva mu 2013.

Ingingo y'ibihe bidasanzwe yaheruka mu 2014 mu ntara ya Unity iri mu buraruko hamwe na Jonglei yo mu buseruko - igihe abagwanyi bariko baratana mu mitwe n'ingabo za reta.

Abasirikare batanu bapfiriye mu mishamirano i Juba

AU igiye kurungika ingabo muri Sudani y'epfo

Imishamirano irabandanya hagati y'impande zose mu gihe intambara zikomeye zadutse mu buseruko bw'ico gihugu.

Onu ivuga ko abanyagihugu ibihumbi n'ibihumbi bamaze guhungira mu gisagara ca Pagak no micungararo yaco, abandi barajabuka imbibe bagana igihugu ca Ethiopia.

Vyabaye na ngombwa ko abakozi batanga imfashanyo bimukira ahandi.