Trump na Putin barabonanye mw'ibanga mu nama ya G20

Trump na Putin barabonanye mw'ibanga mu nama ya G20
Image caption Trump na Putin barabonanye mw'ibanga mu nama ya G20

Prezida wa Amerika Donald Trump yarabonanye na mugenziwe w'Uburusiya Vladimir Putin mw'ibanga ubugira kabiri, igihe hariko haraba inama ya G20 arikoaho babonaniye ntihazw.

Baraganiriye inyuma y'umubonano wa mbere, ariko ibiro vy'umukuru w'igihugu ntibiramenyesha ivyo bavuganye.

Prezida Trump yahakanye ivyo bivugwa vy'uwo mubonano wo mw'ibanga na Putin avuga ko "ari inkuru z'impimbano".

Imigenderanire iri hagati y'abo bategetsi babiri iriko iragirwako amatohoza bivuye kubivugwa ko imyiyamamazo ya Trump yashigikiwe cane n'Uburusiya.

Perezida Trump yatangaje bimwe mu vyo yaganiriye na Putin

Abajejwe iperereza rya Amerika bemeza ko Uburusiya bwafashije Trump gutahukana intsinzi ariko ico gihugu kiguma kivyamirira kure.

Image caption Mu gihe bariko barahura bongera bafungura, umupfasoni wa Trump yicaye iruhande ya Prezida Putin

Trump yarahakanye yivuye inyuma ivyo bivugwa.

Umubonano wa kabiri wabaye mu gihe co gufungura ku mugoroba muri iyo nama ya G20 mu gisagara ca Hamburg mu ntango z'uku kwezi.

Prezida wa Amerika yari wenyene, Putin na we ari kumwe n'umusemuzi wiwe, ibimenyeshamakuru vyo muri Amerika bikavuga ko uwo mubonano wamaze isaha yose.

Putin yashigikiye Trump avuga ko "ata mabanga yatanzwe"

Ivyoba vyaravugiwemwo vyashikirijwe ku bakozi bo mu biro vy'umukuru w'igihugu na Trump ubwiwe kubera ko ata n'umwe mu bamufasha bari kumwe mu gihe haba uwo mubonano.