Thailand yaciye urubanza rw'ikivunga kubagirizwa kudandaza aba Rohingya

Rohingya refugees on a boat off Thailand in 2015 Uwufise ububasha kw’isanamu AFP
Image caption Vyagaragayeko ababikora ari imigwi y'abasuma ikorana mu kwaka amahera izo mpunzi zisanzwe zikenye

Sentare ya Thailand yatanguye guca imanza zerekeye igurishwa ry'abantu igihe aba Rohingya bariko barahunga mu 2015.

Abarenga ijana bariko bacibwa urubanza bagirizwa ivyaha birimwo kugurisha, kunyuruza no kwica abantu.

Kubera ihigwa buhongo muri i Malaisie, aba islam b'aba Rohingya bamaze imyaka myinshi bahunga ico gihugu, bariha amahera imigwi y'abasuma kugira babafashe kuva muri ico gihugu.

Mu 2015, abantu ibihumbi n'ibihumbi batawe mw'ibahari abandi batabwa mu mashamba.

Ivyo vyagiye gukomera cane inyuma y'igitsure c'amakungu c'asaba abategetsi ba Thailand guhiga hasi hejuruinkozi z'ikibi zikorana muri ico gikorwa.

Ivyo vyatumye iyo migwi ita izo mpunzi mw'ibahari no mu mabarabara yo ku butaka ariko ata gihugu na kimwe cipfuza kubakira.

Ubutegetsi bwa Myanmar ngo burahohotera inkehwa z'aba Islamu

Malaysia yatoye imva 139 z'abimukira'

Uru rubanza rutanguye inyuma y'itorwa ry'ibinogo vyahambwemwo impunzi ikivunga mu makambi ari mw'ishamba hagufi y'urubibe Thailand gihana na Malaisie.

Benshi mubariko baracibwa urubanza n'abo muri Thailand ariko hariho n'abanye Malaisie (bitwa kandi aba Burma) hamwe n'abanye Bangladesh bapfunzwe.

Mu bagirizwa icaha, harimwo umusirikare akomeye wo muri Thailand, Lt Gen Manas Kongpan.

Umupoilisi wo mu rwego rwo hejuru yagize amatohoza kw'igurishwa ry'abantu muri Thailand, Maj Gen Pawwen Pongsirin, yarahungiye muri Australia atinya ko yicwa n'abantu bakomeye bafise uruhara muri urwo rudandazwa rw'abantu muri ico gihugu.