Yemen: Abantu 20 bapfuye bazize ibitero vy'indege

Indege y'intambara ya UAE Uwufise ububasha kw’isanamu Getty Images
Image caption Indege y'intambara ya UAE

Onu ivuga ko abantu bashika mirongo ibiri bateshejwe izabo muri Yemen baguye mu bitero vy'indege vy'urunani ruyobowe na Arabia Saoudite.

Ishami rya Onu rijejwe impunzi kw'isi, HCR , rivuga ko ivyo bitero vyatumbereye mu karere ko mu bumanuko bushira uburengero k'intara ya Taez ku musi wa kabiri inyuma y'umutaga.

Bivugwa ko ababiguyemwo bari abanyagihugu bariko barahunga ku nkengera y'ikiyaga gitukura, ahariko harabera intambara zikomeye zo kubutaka z'igisirikare ca reta gishigikiwe n'urwo runani.

Icizere c'agahengwe muri Yemen

Abanyagihugu bishwe mu ntambara ya Yemen

Itangazo rya Onu rivuga ko ivyo vyabaye vyerekanye ingene abanyagihugu b'inzirakarengane baguma bazira iyo ntambara ibera muri Yemen, ubu ikaba imaze imyaka itatu.

Uwufise ububasha kw’isanamu EPA
Image caption Abagwanyi b'aba Houthi ntiberekwa urunani rwa Arabia Saoudite