Antonio Conte yongewe ikiringo c'akazi n'umugwi Chelsea

Antonio Conte yari yiteze amasezerano y'igihe kirekire kurusha ico yahawe Uwufise ububasha kw’isanamu Getty Images
Image caption Antonio Conte yari yiteze amasezerano y'igihe kirekire kurusha ico yahawe

Umumenyereza wa Chelsea Antonio Conte yateye igikumu ku masezerano y'imyaka ibiri n'umugwi Chelsea uherutse gutahukana igikombe ca Premier League.

"Ndanezerewe kuba nashize umukono ku masezerano mashasha," niko uwo mutaliyano w'imyaka 47 yavuze.

"Twarakoze cane mu mwaka wa mbere dushika ku bintu bihimbaye, kandi vyanteye agateka. Ubu dutegerezwa gukora cane kurusha ngo tugume turi aba mbere."

Ingingo yo gutera igikumu ku masezerano mashasha ata gihinduwe mu ngingo ziyagize biteye kubiri n'ivyo Conte yaheruka gushikiriza igihe avuze ko yipfuza amasezerano y'igihe kirekire.

Mu kwezi kwa gatanu, yavuze ko yipfuza kuguma muri Chelsea "imyaka myinshi", yongera avuga ati: "Umugwi ni waba umpaye akaryo ko kwongera ikiringo, ndavyiteguriye."

Mw'ihiganwa riheruka rya 2016-17, umugwi wa Chelsea Conte amenyereza watsinze inkino 30, utwara igikombe.

Uwo mugwi warashitse no mu rukino rwa nyuma rwa FA Cup, naho watsinzwe na Arsenal.

Umuyobozi wa Chelsea Marina Granovskaia yagize ati: "Antonio yageze ku ntsinzi ikomeye mw'ihiganwa riheze, amenyera umupira wo mu Bwongereza ningoga, aca atuma dutwara intsinzi muri Premier League.

"Ano masezerano y'akazi mashasha yerekana ukwemera kwacu ko ashobora gushikana umugwi kure hano i muhira n'igihe tuzoba dukina ihiganwa rya Champions League."