Raila asaba kudahuza ibitsina buca haba amatora

Umukandida mu matora y'umukuru w'igihugu Raila Odinga yitoza ku runani NASA Uwufise ububasha kw’isanamu Getty Images
Image caption Umukandida mu matora y'umukuru w'igihugu Raila Odinga yitoza ku runani NASA

Umukandida mu matora y'umukuru w'igihugu muri Kenya ku giti ca NASA, Raila Odinga yasavye abayoboke b'umugambwe kwirinda gukora imibonano mpuzabitsina buca haba amatora.

Bwana Odinga yagereranije amatora nk'ingwano, avuga ko gukora imibonano mpuzabitsina ugiye kugwana ko bitera umwaku ushobora gutuma umuntu atsindwa.

"Tugiye mu ngwano, birakenewe ko tugira inguvu imbere y'iyo ngwano iri kw'itariki 8 z'ukwezi kw'umunani", niko yavugiye mu gisagara ca Homabay mu burengero bwa Kenya.

"Nta muntu numwe muri twebwe arekuriwe gukora imibonano mpuzabitsina buca haba amatora".

Odinga yabwiye ayo majambo cane cane abahungu asigura ko bohava basiba kuja gutora.

Yasavye abakobwa kutemera gukora iyo mibonano n'abagabo babo buca haba amatora.

"Umukobwa wese asabwe kwima umugabo uburenganzira asanganywe bwo kurangura imibonano mpuzabitsina", niko yavuze.

Uwufise ububasha kw’isanamu Getty Images
Image caption Raila Odinga yigeze kuba umushikiranganji wa mbere

Si ubwa mbere uwo mukuru w'umugambwe ODM abuza imibonano mpuzabitsina igihe c'amatora.