Arsenal yatsinze Bayern Munich mu rukino rwa kivandimwe

Wenger atwaye igikombe ca FA Cup ca 2016-17 Uwufise ububasha kw’isanamu Getty Images
Image caption Wenger atwaye igikombe ca FA Cup ca 2016-17

Umugwi Arsenal ukina muri Premier League mu Bwongereza watsinze Bayern Munich yatwaye igikombe mu Budagi kuri penaliti (3-2) mu rukino rwa kivandimwe rwabereye i Shanghai mu gihiugu c'Ubushinwa.

Umugwi Bayern niwo watanguye kwinjiza, umara umwanya munini ariwo ugenzura urwo rukino rwo kwitegurira ihiganwa ryimirije gutangura mu kwezi kw'umunani.

Igitsindo ca Arsenal cinjijwe na Alex Iwobi n'umutwe ku munota wa nyuma, atuma iyo migwi iheza inganya 1-1.

Iyo migwi yaciye ija mu vyo gutera ama penaliti, Arsenal itsinda umugwi wa Bayern 3-2 ufashijwe na Emiliano Martinez yahagaritse penaliti ya Juan Bernat.

Mw'ihiganwa rya Champions League ryo mu mwaka uheze, umugwi Bayern wari watsinze Arsenal 10-2 mu nkino zose ukwo ari zibiri.