Ibihugu bine vy'abarabu vyahagaritse ibisabwa Qatar

Qatar yariyamirije ikintu cose gikora ku busugire bw'igihugu canke giteye kubiri n'amategeko mpuzamakungu Uwufise ububasha kw’isanamu Reuters
Image caption Qatar yariyamirije ikintu cose gikora ku busugire bw'igihugu canke giteye kubiri n'amategeko mpuzamakungu

Ibihugu bine vy'abarabu vyari vyakumiye igihugu ca Qatar, vyahagaritse ivyo vyasaba ico gihugu bigizwe n'ingingo 13.

Abaserukira ibihugu vyabo ba Arabie Séoudite, Emirats Arabes Unis, Bahrain na Misiri, babwiye abamenyeshamakuru ku cicaro ca Onu, ko bipfuza ko yemera ingingo zitandatu gusa.

Harimwo ukugwanya iterabwoba n'ibikogwa bishingiye ku kutagondwa, kurangiza ibikogwa vyo gusotorana no kugumura abanyagihugu.

Ubutegetsi bwa Qatar ntaco burabivugako, ariko bukaba buhakana ko bufasha imigwi y'iterabwoba.

Bwarahakanye ingingo iyariyo yose yotuma ubusugire bw'igihugu buhungabana canke yoza ihonyanga amategeko mpuzamakungu, bwiyamiriza ivyakozwe n'ivyo bihugu bibanyi.

Ibihano ico gihugu cafatiwe vyatumye ico gihugu gitunze umwuka wa gazi kironderera indya hanze zicishijwe mu kiyaga no mu kirere, ngo kigaburire abanyagihugu imiliyoni 2.7.