Umurundikazi yabaye Miss East Africa mu Bufaransa, Liesse Noella Teteya ari mu karuhuko mu Burundi

Miss East Africa mu Bufaransa Liesse Noalla Tteteya mu biro vya BBC I Bujumbura
Image caption Miss East Africa mu Bufaransa Liesse Noalla Teteya mu biro vya BBC I Bujumbura

Miss East Africa mu Bufaransa, umwigeme Liesse Noella Teteya ari mu Burundi gutanguza umugambi wiwe wo guteza imbere ubumenyi mu mashure yo mu misozi.

Liesse Noalle Teteya avuka kuri se wiwe wo muri Centrafrique, nyina wiwe akaba ari umurundikazi.

Yashimye kuja mw'ihiganwa rya Miss East Africa mu Bufaransa, aserukiye Uburundi.

Uwo mwigeme apima imetero 1.84 yagiye muri iryo higanwa atiteguye kuba uwa mbere

"Twari abigeme 20, harimwo n'abandi barundikazi batatu. Bamwe bari bamaze kwitaba iryo higanwa, ariko jewe bwari ubwa mbere", uko ni ko Liesse Noella Teteya avuga.

No mu kwiyandikisha n'uwundi yamufashije kuko iryo higanwa nta ryo yari azi.

"Nsanzwe n'umbwe mubagize ishirahamwe ry'abakiri bato begeranya imfashanyo y'abakinyi ba "NI NDE". Umukuri w'iryo shirahamwe, Georgette Minani, ni we yanyandikishije muri iryo higanwa rya Miss East Africa", uko ni ko yabandanije avuga.

Uwufise ububasha kw’isanamu Liesse Noella Teteya
Image caption Liesse Noalla Teteya mw'ihiganwa rya Miss East Africa mu Bufaransa

Mu migambi yiwe, Liesse Noella Teteya yipfuza guteza imbere mu Burundi aho ariko arabonana n'abantu batandukanye, hamwe no gukorana n'ishirahamwe ritabara imbabare Croix Rouge mu gikorwa co guhimiriza abantu kugwanya ubugaragwa mu gihugu ca Kenya.