Umukenguzamateka McCain afise cancer yo mu bwonko

Uwigeze kwitoza mu matora ya prezida muri Amerika John McCain afise cancer yo mu bwonko Uwufise ububasha kw’isanamu AFP
Image caption Uwigeze kwitoza mu matora ya prezida muri Amerika John McCain afise cancer yo mu bwonko

Umukenguzamateka w'umugambwe w'abarepublicain John McCain afise cancer yo mu bwonko akaba ariko ariko arivuza nk'uko bimenyeshwa n'ibiro vyiwe.

Mu miti azohabwa hashobora kubamwo imiti isanzwe canke gukoresha ubundi buhinga busanzwe bukoreshwa mu kuvura Cancer bwa chimiotherapie.

Uwo munyepolitike w'imyaka 80 ameze neza gushika ubu aho abandanya kuruhuka muri iwe.

Ivyo vyamenyekanye igihebariko baramubaga ikintu kivyimvye kirimwo amaraso hejuru y'ijisho ryiwe ry'ububafu.

McCain yahoze ari umusirikare yagwaniye muri Vietnam,yaranapfungiwe muri ico gihugu imyaka itanu.

Uwo mukenguzamateka amaze muri ayo mabanga imyaka itandatu, yaranitoje mu mabanga y'umukuru w'igihugu yo mu 2008, yabagiwe mu bitaro vya Phoenix mu ntara ya Arizona ku musi wa gatanu.

Obama yorohereje miliyoni z'abimukira

Ibipimo vyerekanye ko ubuvyimbe buri bwonko buzwi kw'izina rya glioblastoma, akaba ari amaraso yavuriyeyo nk'uko bivugwa n'ivyo bitaro.

Abaganga bavura uwo mukenguzamateka bavuga ko abandanya atora mitende inyuma yo kubagwa, ubu amagara yiwe akaba yifashe neza.