Prezida Nkurunziza mu rugendo rwa mbere hanze nyuma y'imyaka 2

Prezida Pierre Nkurunziza (uwa kabiri imbere i bubamfu) yakiriwe i Ngara na mugenzi we wa Tanzaniya John Magufuli (uwa kabiri i buryo) Uwufise ububasha kw’isanamu IKULU, TANZANIA
Image caption Prezida Pierre Nkurunziza (uwa kabiri imbere i bubamfu) yakiriwe i Ngara na mugenzi we wa Tanzaniya John Magufuli (uwa kabiri i buryo)

Prezida Pierre Nkurunziza w'Uburundi yasohotse igihugu ubwa mbere aja mu gihugu ca Tanzania inyuma y'imyaka ibiri irangiye haburijwemwo itembagazwa ry'ubutegetsi bwiwe.

Prezida Nkurunziza yagiye n'imodoka aciye ku rubibe rwa Kobero ruri hagati y'ivyo bihugu bibiri.

Bivugwa ko yajanye n'abategetsi bakomakomeye harimwo n'abashikiranganji guhura na mugenzi we wa Tanzania John Pombe Magufuli.

Ico urwo rugendo rugamije ntikiramenyekana.

Prezida Nkurunziza ntiyari bwigere asohoka igihugu kuva hageragejwe itembagazwa ry'ubutegetsi itariki 13 z'ukwezi kwa gatanu mu 2015.

Ico gihe yari yitavye inama ku Burundi yabera ku mugwa mukuru wa Tanzania, i Dar Es Salaam, aho yashoboye kugaruka i Bujumbura aciye mu nzira n'ubu itaramenyekana.

Uwufise ububasha kw’isanamu PRESIDENCE/BURUNDI
Image caption Prezida Pierre Nkurunziza yaherekejwe n'abategetsi barimwo abashikiranganji bahuriye Kobero ku mupaka w'Uburundi na Tanzania itariki 20 ukwezi kw'indwi 2017

Uwo mubonano uriko urabera mu karere ka Ngara mu ntara ya Kagera.

Soma izindi nkuru zijanye n'iyi:

Itembagazwa ry'ubutegetsi mu Burundi: uko biriko biragenda

Burundi: Havuzwe ihirikwa ry'ubutegetsi

Abashatse gutembagaza ubutegetsi mu Burundi bakatiwe