Kenya: Abahohoteye umugore ngo yambaye nabi bakatiwe igihano c'urupfu

Ubwo bugizi bwa nabi bwatumye haba imyiyerekano abagore basaba ngo agateka kabo kwubahirizwe (mu 2014) Uwufise ububasha kw’isanamu AFP
Image caption Ubwo bugizi bwa nabi bwatumye haba imyiyerekano abagore basaba ngo agateka kabo kwubahirizwe (mu 2014)

Abagabo batatu bahohoteye umugore muri bisi ngo yambaye nabi bakatiwe igihano c'urupfu na sentare ya Nairobi.

Bakatiwe ico gihano bagirijwe ko bivye bongera bakorera amabi uwo mugore.

Igihano c'igipfungo c'imyaka 25 bari bakatiwe ku gutaburirako impunzu uwo mugore, cahavuye gifutwa kubera ico gihano ca mbere c'urupfu bahawe.

Ivyashikiye uwo mugore mu 2014 vyarafashwe amasanamu, birahererekanwa ku mbuga hwaniro, bituma haba imyiyerekano mu gihugu.

Abagore baharugwa mu majana, bamwe bambaye impuzu zibegereye cane, baciye biha amabarabara ya Nairobi ico gihe, bafise ivyapa vyanditseko "MyDressMyChoice" (impuzu nambara ni je ndayihitiramwo).