Cameroun yagirizwa guhohotera abikekwa gukorana na Boko Haram

Igihugu ca Cameroun kimaze igihe gihangana n'abagwanyi b'umugwi Boko Haram Uwufise ububasha kw’isanamu AFP
Image caption Igihugu ca Cameroun kimaze igihe gihangana n'abagwanyi b'umugwi Boko Haram

Abantu baharugwa mu mirongo bikekwa gukorana na Boko Haram barahohotewe gushika gupfa n'inteko z'umutekano za Cameroun kuva mu 2013, niko Amnistie Internationale yavuze.

Ico kigo mpuzamakungu giharanira agateka ka zina muntu kivuga ko abantu bikekwa baharugwa mu majana bapfunzwe n'inteko z'umutekano za Cameroun, kenshi ata vyemezo zibifitiye.

Benshi muribo ni abagabo bageze mu myaka yo gushobora kugwana ariko harimwo n'abagore hamwe n'abana.

Ico kigo kivuga ko benshi mu bafatwa bakubitwa, bakaruhishwa, bagashigwa no mu mazi.

Uburaruko bwa Cameroun - hamwe n'uburaruko bushira ubuseruko bwa Nigeria n'uduce twa Tchad na Niger - harageramiwe kubera imigumuko ya Boko Haram n'abagwanyi bayo.

Amnistie ivuga kandi ko yahaye leta ya Cameroun ivyemezo vyerekana ko hari ivyaha vyo mu ngwano bikogwa muri ako karere, ariko ntaco irabivugako.