City na Chelsea barondera umukinyi wa Real, Danilo

Danilo yaratsinze Champions League akina muri Real Madrid mw'ihiganwa riherutse naho atakinye urukino rwa nyuma Uwufise ububasha kw’isanamu EPA
Image caption Danilo yaratsinze Champions League akina muri Real Madrid mw'ihiganwa riherutse naho atakinye urukino rwa nyuma

Imigwi Manchester City na Chelsea irondera umukinyi w'inyuma wo mu mugwi Real Madrid, Danilo, aturuka mu gihugu ca Brésil ku miyoni 26 z'amapawundi (imiliyoni 33.7 z'amadolari)

Umumenyereza wa City Pep Guardiola abona ko Danilo ashobora gukina mu kibanza icarico cose c'inyuma na hagati, mu gihe Antonio Conte wa Chelsea we avuga ko yipfuza kwongera inguvu mu gace kadakomeye k'umugwi.

Conte ntakiguze Sergio Aguero wa City, nkuko Guardiola avuga.

Umumenyereza wa City yagize ati: "Ni umukinyi wacu. Azoguma hano."

Bivugwa ko Conte yari yipfuje guha akazi uwo musatirizi w'imbere mu kurondera guhindura umukinyi w'imbere Diego Costa ariko arasubira inyuma mu gukina.