Abahembwa amahera menshi muri BBC

Evans na Winkleman nibo bahembwa amahera menshi mu bagabo n'abagore Uwufise ububasha kw’isanamu PA/GETTY IMAGES
Image caption Evans na Winkleman nibo bahembwa amahera menshi mu bagabo n'abagore

BBC yashize ahabona urutonde rw'abakozi bayo bahembwa amahera menshi kurusha abandi, kuva ku barenza 195000 vy'amadolari gushika ku miliyoni zirenga zibiri z'amadolari ku mwaka.

Babiri ba mbere bahembwa menshi bahabwa hagati y'imiliyoni zibiri na zitatu z'amadolari, bakaba ari Chris Evans ashikiriza ibiganiro kuri radio hamwe na Gary Lineker -- umusatirizi wa kera mu mugwi w'Ubwongereza, akora mu kiganiro ca BBC c'umupira w'amaguru.

Mu bagore, uwuhembwa menshi ni Claudia Winkleman aronka hagati y'amadolari 584000 na 650000 ku mwaka, nawe nyene akaba ateramisha mu biganiro vyo kuri radiyo.

Umuyobozi mukuru wa BBC, Tony Hall asigura iyo mishahara avuga ko ituruka ku kuntu isoko ry'abakozi ryifashe kw'isi.

Evans ateramisha mu kiganiro kiba mu gitondo kuri Radiyo 2 hamwe no mu kiganiro c'imiduga citwa Top Gear.

Winkleman nawe nyene ateramisha mu kiganiro co kuri Radiyo 2.

Kurikira hano munsi ingene imishahara irushanywa kuva ku bahembwa amapawundi 150000 (1£=1.3$) ku mwaka, abagore bakaba ari bake ku bagabo.

Image caption Imishahara ya bamwe mu bakozi ba BBC

Ku bijanye nuko abagore aribo benshi bafise imishahara mito ku bagabo (ica gatatu), umuyobozi mukuru wa BBC Tony Hall yavuze ko bikwiye kw'ico kibazo c'ibitsina cigwa mu nzira yo kubinganisha.

Muri rusangi abagabo 25 bafise akazi gasaba impano bahembwa hejuru y'amapawundi 250000, mu gihe mu bagore batarenga icenda.

Image caption Babiri mu bahagararira ikiganiro Strictly bahembwa menshi kurusha abandi

Bubaye ubwa mbere imishahara y'abakozi ba BBC bafise impano bahembwa hejuru y'amapawundi 150000 imenyeshwa abanyagihugu.

Ico cegeranyo gisohoka ku mwaka nticashize ahabona imishahara w'abakozi bafise impano bo mu gisata ca BBC Worldwide.

Urwo rutonde ntirwatandukanije imishahara y'abakozi ba BBC bakora ubuzi bwinshi n'abakora akazi kamwe.

Image caption Abahembwa amahera menshi