Israeli yakomeje umutekano mu gisagara ca kera ca Yeruzalemu

Umutekano wakomejwe kuvaho abapolisi babiri b'abanya Israeli biciwe mu ndwi iheze Uwufise ububasha kw’isanamu AFP
Image caption Umutekano wakomejwe kuvaho abapolisi babiri b'abanya Israeli biciwe mu ndwi iheze

Israeli yakomeje umutekano mu gisagara ca kera ca Yeruzalemu mu kwirinda ko hohava haduka imidugararo inyuma yaho hashingiwe igikoresho cerekana abitwaje ivyuma mu kibanza ceranda.

Israeli yabujije abagabo bafise imyaka iri munsi ya 50 gushika muri ico kibanza, inyuma yaho abategetsi ba Palestine basabiye abanyagihugu kuja mu bisabisho vyo ku munsi wa gatanu.

Hadutse imidugararo mw'ijoro kuvaho ivyo bikoresho bishiriwe mu bwinjiriro bw'ico kibanza ceranda mu mpera y'indwi iheze.

Vyakurikiwe n'iyica ry'abapolisi babiri, bishwe n'abanya Israeli babiri b'abarabu.

Ubutegetsi bwa Palestine hamwe n'abarongoye idi ni rya Islamu, biyamirije ivyo bikoresho vyo guhiga abitwaje ivyuma vyashizwe muri ico kibanza.

Israeli yavuze ko yafashe ingingo ikenewe mu vy'umutekano, inyuma yaho bimenyekaniye ko ibigwanisho vyishe abo bapolisi vyari vyanyegejwe muri ico kibanza ceranda.