RD Congo: 20% vy'amahera ava mu mabuye y'agaciro yaranyurujwe

Bano bantu bariko bacukura "coltan", ifasha gukora telefone ngendanwa Uwufise ububasha kw’isanamu AFP
Image caption Bano bantu bariko bacukura "coltan", ifasha gukora telefone ngendanwa

Ikigo mpuzamakungu giharanira intwaro ibereye cavuze ko ibice 20% vy'amahera ava mu gucukura amabuye y'agaciro muri Repubulika Iharanira Intwaro rusangi ya Congo (RD Congo) yabuzwe irengero kubera ibiturire n'ubuyobozi bubi.

Ku bw'icegeranyo c'ikigo Global Witness, ayo mahera yapoteye agabanganwa mu bigo canke abantu bacuditse na Prezida Joseph Kabila.

Niburiburi imiliyoni 750 z'amadolari yarabuzwe irengero muri ino myaka itatu irangiye, niko kivuga.

Leta ntaco irabivugako, ariko mu minsi iheze yarahakanye ko ata ngeso y'ibiturire iri mu gisata c'ubucukuzi bw'amabuye y'agaciro.

RD Congo nico gihugu ca mbere ca Afrika gifise amabuye menshi y'umujumpu, kikaba ica mbere kw'isi gitunze "cobalt" ikoreshwa mu mabateri y'imiduga igendeshwa n'umuyagankuba.

Iratunze n'inzahabu, "diamant" na "coltan" ifasha gukora telefone ngendanwa, ariko abanyagihugu bayo bari mu bambere bakenye kw'isi kubera ingwano iharangwa hamwe n'ubuyobozi bubi.

"Umwimbu uvuye mu mabuye y'agaciro ya Congo, wari ukwiye gufasha gukura abanyagihugu mu bukene," niko Pete Jones wo mu kigo Global Witness avuga.

Ku bw'ico cegeranyo, menshi mu mahera yapoteye, yabuze ahejeje kurihwa ishirahamwe rigenzura icukura ry'amabuye y'agaciro mu gihugu, Gécamines.

Umuyobozi wa Gécamines, acuditse na Prezida Kabila, yarahakanye ivyo baregwa bijanye n'ibiturire, avuga kw'ikigo arongora gikorera ku mugaragaro.