Uwutavuga rumwe n'ubutegetsi arafunzwe kuvyo yavuze kuri Prezida Magufuli

Prezida John Magufuli niwe aramutswa igihugu ca Tanzaniya Uwufise ububasha kw’isanamu AFP
Image caption Prezida John Magufuli niwe aramutswa igihugu ca Tanzaniya

Umugabo atavuga rumwe n'ubutegetsi bwa Tanzaniya, Tundu Lissu, yatawe mu mvuto ku munsi wa kane ahowe ivyo yavuze ku mukuru w'igihugu John Magufuli.

Nta nsiguro zatanzwe ku catumye Lissu afatwa, ariko atawe mu mvuto inyuma y'iminsi itatu avuze ko Prezida Magufuli "atwaza umukazo".

Ku munsi wa mbere Bwana Lissu yabwiye abamenyeshamakuru ko ingeso yo gufata abanyepolitike bakomeye mu migambwe ari kurondera kwigiza hirya abatavuga rumwe na Bwana Magufuli.

Yasavye ko "uwutwarisha agahotoro na leta yiwe, bokumigwa ku bijanye na politike, ku vy'imigenderanire, no ku bijanye n'ubutunzi," niko AFP yavuze.

Umuvugizi wa leta Hassan Abbas yaragize ico avuga ku majambo ya Lissu mu ntango z'ino ndwi mw'itangazo"leta ntizemera ko hagira umuntu canke umugwi urenza urugero mu kuvuga".

Bwana Lissu, umuyoboke w'umugambwe Chadema utavuga rumwe n'ubutegetsi, niwe arongoye imigambwe itavuga rumwe n'ubutegetsi mu nama nshingamateka, agatwara n'ishirahamwe ry'abanyamategeko bo muri Tanzaniya.

Yafatiwe ku kibuga c'indege ca Dar es Salaam agira afate indege imujana mu gihugu c'u Rwanda, niko umuvugizi wa Chadema yabwiye AFP.