US: Qatar yahagaritse kurungikira amahera imigwi y'iterabwoba

Bwana Tillerson asaba ibihugu vy'abarabu kworohereza ibihano Qatar Uwufise ububasha kw’isanamu Reuters
Image caption Bwana Tillerson asaba ibihugu vy'abarabu kworohereza ibihano Qatar

Umushikiranganji ajejwe imigenderanire ya Leta Zunze Ubumwe za Amerika (US), Rex Tillerson, yavuze ko Washington ishimishwa n'akigoro ka Qatar mu gushira mu ngiro amasezerano yo guhagarika kurungika amahera mu migwi y'aba "jihadistes".

Bwana Tillerson yashikirije ayo majambo avuga ko ibihugu bibanyi vya Qatar bikwiye kworosha ibihano vyafatiye ico gihugu.

Arabie Séoudite, Emirats Arabes Unis (UAE) na Bahrain barakumiye abanya Qatar mu vy'ubutunzi inyuma yaho babagiririje guha uburyo imigwi y'iterabwoba.

Qatar yarahakanye ivyo birego, ariko yarakomeje amategeko yo kugwanya ibikorwa vy'iterabwoba.

UAE yavuze ko iyo ari intambwe ishimisha.