Umukire kurusha abandi ku isi

Jeff Bezos abaye umukire wa mbere ku isi, amaze kurenga Bill Gates Uwufise ububasha kw’isanamu Getty Images
Image caption Jeff Bezos abaye umukire wa mbere ku isi, amaze kurenga Bill Gates

Jeff Bezos, washinze urubaga rwa internet rwa Amazon, niwe mukire kurusha abandi ku isi, afite ubukire bwa amadolari miliyari 91.4.

Imigabane muri Amazon yatumye Jeff Bezos arusha ubukire Bill Gates washinze Microsoft.

Bwana Bizos yashinze Amazon muri 1994, abasesenguzi baravuga ko bizeye ko ubukire bwe buzakomeza kwiyongera.

Bizos afite imigabane muri Amazon ingana na 17%, Amazon ubwayo ifite agaciro k'amadolari miliyari 500.

Amaze kugura ikinyamakuru cya Washington Post, yanashinze ubucuruzi bwo mu kirere bwa "rocket."