Abimukira bamenye uruzitiro binjira muri Espagne

Abimukira 73 nibo bashoboya kumena urwo ruzitiro ruri hagati ya Maroc na Espagne Uwufise ububasha kw’isanamu Reuters
Image caption Abimukira 73 nibo bashoboya kumena urwo ruzitiro ruri hagati ya Maroc na Espagne

Abimukira bashika 200 bamenye uruzitiro rurerure ruri hagati y'ibihugu vya Maroc n'intara ya Ceuta mu gihugu ca Espagne mu mutweznzi, nkuko itororokanirizo ry'amakuru AFP rivuga.

Umuvugizi wa leta ya Espagne yabwiye AFP ko abantu 73 bashoboye guca muri urwo ruzitiro kandi ko 18 bakomeretse.

Abo bimukira bakoresha "imikasi ica intsinga n'insenga kugira ngo bashobore guca mu miryango"izitiwe kabiri, niko yabvandanije avuga.

Jesus Moron wa Reuters niwe yafashe amafoto y'ivyabaye mu gitondo:

Uwufise ububasha kw’isanamu Reuters
Image caption Abo bimukira bagizwe ahanini n'urwaruka bashimiye Imana bageze muri Espagne
Uwufise ububasha kw’isanamu Reuters
Image caption Abimukira bashikiye ku bajejwe umutekano bashitse hakurya muri Espagne
Uwufise ububasha kw’isanamu Reuters
Image caption Muri abo bimukira bamenye uruzitiro 18 bakomeretse

Ceuta na Melilla, nivyo bisagara bifise urubibe rw'ubutaka na Afrika.