Burundi: Ababa hanze binjiza amahera menshi kurusha ayava i Buraya

Bamwe mu barundi baba mu mahanga bari bitavye iyo nama
Image caption Bamwe mu barundi baba mu mahanga bari bitavye iyo nama

Abarundi baba mu mahanga bavuga ko bafise uruhara runini mw'iterambere ry'igihugu mu gihe amahera binjiza mu gihugu aruta ay'umuryango w'ibihugu vya Buraya wagenera u Burundi imbere yuyko ico gihugu gifatigwa ibihano, ivyo ni ivyavugiwe mu nama i Bujumbura.

Ubutegetsi bw'u Burundi bwavuze ko buriko burategura amategeko yongega uwo murwi w'abarundi kugira uruhara rwabo mw'iterambere ry'igihugu rwongerekane gusumba.

Uwaserukiye abo barundi baba mu mahanga Japhet Legentil Ndayishimiye aba mu gihugu ca Norvège, avuga ko uwo murwi w'abarundi boba bangana ibice 6% vy'abarundi bose ni kuvuga hafi 700000.

Bwana Ndayishimiye avuga ko amahera abo barundi bari mu bihugu birenga 25 barungika mu gihugu ari ayaza gufasha imiryango yabo.

Ayo mahera, amwe ngo aca mu nzira z'amabanki canke ubundi buhinga bwa none, ayandi agatangwa mu ntoke. Icegera ca mbere c'umukuru w'igihugu Gaston Sindimwo yuguruye iyo nama arashima iyo ntererano ariko akavuga ko abarundi baba hanze batarashika ku rugero rw'ibindi bihugu nka Mali, Senegal, Nigeria canke Israel.

Image caption Icegera ca mbere c'umukuru w'igihugu c'u Burundi Gaston Sindimwo

Gaston Sindimwo yebemereye ko kuva ubu, umurundi atashe burunndu avuye hanze ibintu vyose atahukanye atazobitangako ikori.