Amerika ngo si umwansi wa Korea ya Ruguru

Umushikiranganji ajejwe imigenderanire Rex Tillerson yavuze ko Amerika atari umwansi wa Korea ya Ruguru
Image caption Umushikiranganji ajejwe imigenderanire Rex Tillerson yavuze ko Amerika atari umwansi wa Korea ya Ruguru

Igihugu ca Leta Zunze Ubumwe za Amerika (US) ngo ntikiriko kirarondera ko ubutegetsi buhinduka muri Korea ya Ruguru naho hari uruhagarara rutegwa n'igerageza ry'ibigwansisho vya nucléaire, niko umushikiranganji w'imigenderanire yavuze.

"Ntituri abansi banyu," niko Rex Tillerson yavuze, yongerako Amerika yipfuza ibiganiro.

Umukenguzamateka wo mu mugambwe w'aba Républicains yavuze ko Prezida Donald Trump yamubwiye ko hazoba ingwano na Korea ya Ruguru mu gihe ibandanije umugambi wayo wo kugerageza za "missiles".

Pyongyang yavuzre ko "missile" iherutse gukora, ishobora gushika ku butaka bwo ku nkengera yo mu burengero bwa Amerika.

"Ntiturondera ko ubutegetsi buhinduka, ntiturondera ko ubutegetsi busenyuka, ntiturondera ubwiyunge bwa Korea zose, ntiturondera impamvu zotuma turungika ingabo ku rubibe rwa Korea zose," niko Tillerson yavuze.

"Ntituri abansi banyu, ntitubabangamiye ariko muratubangamiye ku buryo tutovyihanganira kandi dutegerezwa kugira ico tuvyishurako."

Ibiro bikuru vya gisirikare vya Amerika, "Pentagone", bivuga ko gutana mu mitwe vyokwonona vyinshi.

Ivyo ni vyo bituma Bwana Tillerson asaba ko hoba ibiganiro.