Nigeria: Goodluck Jonathan yibwe ibikoresho vyo mu nzu

Uwigeze gutwara igihugu ca Nigeria yavuze ko televiziyo na firigo vyibwe mu nzu iwe i Abuja Uwufise ububasha kw’isanamu AFP
Image caption Uwigeze gutwara igihugu ca Nigeria yavuze ko televiziyo na firigo vyibwe mu nzu iwe i Abuja

Uwahora arongora igihugu ca Nigeria Goodluck Jonathan yavuze ko televiziyo zitandatu hamwe na firigo zitatu vyibwe mu nzu yiwe iri Abuja - ngo si televiziyo 36 na firigo 25 nkuko bimwe mu bimenyeshamakuru bivuga.

Abapolisi batandatu bacungera inzu bafashwe, nkuko umuvugizi wiwe yabimenyesheje.

Itohoza ku bijanye n'ubwo busuma riza ryatanguye.

Bwana Jonathan yaba muri iyo nzu igihe yari icegera c'umukuru w'igihugu, niko itangazamakuru ryo mu gihugu ryamenyesheje.

Yemeza ku bijanye n'ubwo busuma, umuvugizi wa Bwana Jonathan yagize ati: "Inzu yambuwe ibintu vyose vyarimwo, ibisuma bitwara ikintu cose gishora guterugwa, harimwo intebe, ibitanda, ibikoresho vyo mu bwoko bwa "électronique", ivyo mu kazu ka surwumwe, imiryango n'amadirisha."

Yakosoye ku bijanye n'amakuru ashikuza yaciye mu binyamakuru ku bijanye n'ibintu vyibwe, avuga ati: "Nagira ndababwire ko iyo nzu ari iyibayabaye y'ivyumba bine, ntiyashobora gukwigwamwo televiziyo 36 hamwe na firigo 25 nkuko vyavuzwe na bimwe mu bigo vy'itangazamakuru."