Uganda: Ibiziga vy'abasirikare bishwe muri Somalia vyatahukanywe

Abasirikare bagenzi babo nibo bakiriye ivyo biziga ku kibuga Entebbe airport
Image caption Abasirikare bagenzi babo nibo bakiriye ivyo biziga ku kibuga Entebbe airport

Ibiziga vy'abasirikare 12 bo mu gihugu ca Uganda baguye mu mutego muri Somalia ku munsi wa Mungu vyatahukanywe.

Hatunganijwe ibirori vya gisirikare vyo kwakira ibiziga vy'abo basirikare bapfuye bari ku kazi.Ibiziga vy'abasirikare 12 bo mu gihugu ca Uganda baguye mu mutego muri Somalia ku munsi wa Mungu vyatahukanywe.

Image caption Abasirikare bagenzi babo nibo bakiriye ivyo biziga ku kibuga Entebbe airport
Image caption Imiryango, incuti n'abagenzi bari muri ivyo birori

Imiryango yabo yari ku kibuga c'indege Entebbe Airport, bamwe bari mu marira menshi igihe indege yashika, niko umumenyeshamakuru wa BBC yavuze.

Ingabo za Uganda nizo zigize umugwi wa mbere munini w'abasirikare ba Amisom - inteko z'umuryango w'Ubumwe bwa Afrika zifasha leta ya Somalia kugwanya umugwi Al-Shabab.

Bubaye ubwa mbere igihugu ca Uganda gitakaje abasirikare benshi muri Somalia kuva mu kwezi kw'icenda mu 2015 aho cabura abasirikare 19 bishwe na Al-Shabab.