Amerika: Trump yemeje ibihano bishasha ku Burusiya

Prezida Donald Trump wa Amerika (i buryo) na Vladimir Putin w'Uburusiya Uwufise ububasha kw’isanamu Reuters
Image caption Prezida Donald Trump wa Amerika (i buryo) na Vladimir Putin w'Uburusiya

Umukuru w'igihugu wa Leta Zunze Ubumwe za Amerika Donald Trump agiye gushira umukono ku tegeko bwiriza rifatira ibihano bishasha igihugu c'Uburusiya ku bijanye n'ukwivanga mu matora yo mu 2016.

Ibiro vy'umukuru w'igihugu, White House, vyamenyesheje ko Bwana Trump azoshira umukono wa nyuma kuri iryo tegeko rimaze kwemezwa n'inama zose, nshingamateka na nkenguzamateka.

Ku munsi wa kabiri, umushikiranganji ajejwe imigenderanire, Rex Tillerson, yavuze ko we n'umukuru w'igihugu "batanezerewe" kubera iryo tegeko.

Uburusiya burahakana kuba bwarivanze mu matora ya Amerika, Bwana Trump nawe arahakana ko atigeze akorana n'Uburusiya.

Iryo tegeko ryasinywe vy'agateganyo mu biro White House, rifatira ibihano n'ibihugu vya Irani na Korea ya Ruguru.