Impunzi za Sudani Yepfo ngo zarakorewe amabi ashingiye ku gitsina

Impunzi nyinshi zo muri Sudani Yepfo zahungiye mu Buganda Uwufise ububasha kw’isanamu AFP
Image caption Impunzi nyinshi zo muri Sudani Yepfo zahungiye mu Buganda

Mw'itohoza ryakozwe ku mpunzi zituruka muri Sudani Yepfo zahungiye mu gihugu ca Uganda, hatowe ku bice birenga 20% vy'abagore no ku bice 4% vy'abagabo babajijwe, ko basambanishijwe ku nguvu.

Amabi ashingiye ku gitsina na cane cane ayakorewe abagabo ntakunze gushigwa ahabona, abakoze itohoza bakavuga ko ibitigiri bishobora kuba biri hejuru kurusha.

Ibice bishika 40% vyayo mabi yo gusambanya ku nguvu, ashigwa ku gatwe k'abasirikare ba leta ya Sudani Yepfo.

Ikigo "Refugee Law Project" cakoze iryo tohoza, cavugishije impunzi zababa igihumbi.

Hafi umuliyoni w'abanya Sudani Yepfo bahungiye ingwano mu gihugu kibanyi ca Uganda, benshi bakaba bashitseyo mu mwaka uheze.