Ubutaliyano bwahagurukiye ikibazo c'abimukira

Abimukira baharugwa mu bihumbi baramaze kugwa mu kiyaga ca Méditerranée bagerageza kuja i Buraya Uwufise ububasha kw’isanamu Getty Images
Image caption Abimukira baharugwa mu bihumbi baramaze kugwa mu kiyaga ca Méditerranée bagerageza kuja i Buraya

Inama nshingamateka y'Ubutaliyano yemeje ibisabwa vyo kurungika igisirikare co mu mazi gufashanya n'abacungera inkengera za Libiya kugwanya urudandazwa rukogwa ku bimukira.

Inteko zirongowe n'umusirikare w'ipete rya "Amiral" zishigikije ubwato bw'ingwano bagiye gufasha abanya Libiya gushira mu ngiro ingingo zategetswe n'ishirahamwe mpuzamakungu Onu mu masezerano yapfundikiwe mu gisagara ca Tripoli.

Abantu benshi mu bagize inama nshingamateka bavuze ko bizeye ko ibindi bihugu vya Buraya, bizokwifatanya nabo muri ico gikorwa co guhagarika urugwirirane rw'abimukira baca mu kiyaga ca Méditerranée.

Abakozi bo mu bushikiranganji bwo kwivuna abansi bavuze ko ubwato bwa gisirikare "Comandante Borsini", bumaze kugera mu mazi ya Libiya bufise uruhusha bwo gusuma urusaku muri ako karere.

Umugwi w'abagwanyi wo mu buseruko bwa Libiya wagabishije ko uzokwivuna ico wise agasotoro k'igihugu c'Ubutaliyano.