Ibihano vya Amerika ku Burusiya ngo ni ingwano y'ubudandaji

Prezida Trump wa Amerika na Vladimir Putin Uwufise ububasha kw’isanamu Reuters
Image caption Prezida Trump wa Amerika na Vladimir Putin

Umushikiranganji wa mbere w'Uburusiya Dimitry Medvedev yavuze ko ibihano bishasha Amerika yafatiye Uburusiya, ko ari nko gutanguza "ingwano y'ubudandaji" kuri Moscou.

Yavuze ko ingingo zateweko umukono na Donald Trump zigaragaza inguvu nke z'umukuru w'igihugu ca Amerika, yacishijwemwo ijisho n'inama nkenguzamateka.

Iryo tegeko rifise intego yo guhana Uburusiya kuvyo buregwa ko bwivanze mu matora ya Amerika yo mu 2016, hamwe nivyo bukora ku gihugu ca Ukraine.

Iryo tegeko yashizeko umukono ku munsi wa gatatu ryitwa "Countering America's Adversaries Through Sanctions Act" (kugwanya abahanganye na Amerika biciye mu bihano).

Iryo tegeko ritanga akarimbi k'amahera abanyamerika barekuriwe gushira mu migambi y'amasoko ntanganguvu y'Uburusiya, rikananiza amashirahamwe ya Amerika gukora ubudandaji hamwe n'Uburusiya.

Rifatira n'ibihano ibihugu vya Irani na Korea ya Ruguru.

Irani yavuze ko ivyo bihano bishasha biteye kubiri n'amasezerano ya nucléaire ivyo bihugu vyapfunditse, kw'ico gihugu kigiye kuvyishurako "mu buryo bukwiye", niko ikinyamakuru Isna cavuze.

Igihugu ca Korea ya Ruguru ntaco kiravuga kuri ivyo bihano bishasha vya Amerika.

Yandikira kuri Facebook ku munsi wa gatatu, Bwana Medvedev yavuze ko ivyo bihano "birangije icizere co gukomeza imigenderanire n'ubutegetsi bushasha bwa Amerika.

"Ivyo bihano vyamaze kwemezwa kandi bizoguma bikurikizwa imyaka mirongo n'iyindi kiretse habaye igitangaro."