Abarorerezi b'amatora basaba abakenya kubumbatira amahoro

Amatora y'intango (Primaires) muri Kenya Uwufise ububasha kw’isanamu AFP/GETTY
Image caption Amatora y'intango (Primaires) muri Kenya

Abarorerezi mpuzamakungu ku matora ya Kenya basavye abakuru b'imigambwe hamwe n'abanyepolitike kubuza ubwicanyi n'imvugo iryanisha, bagahimiriza abayoboke babo kuvyubahiriza.

Mu gihe itariki 8 z'ukwezi kw'umunani abanyagihugu bazokwitorera indongozi zabo, abarorerezi baserukiye amakungu basaba abakenya kurengera ubudasa bwabo, bakaja hamwe mu matora yisanzuye, atunganirijwe mu kuri no mu mahoro, niko itangazo basohoye rivuga.

Mu gihe yotunganywa neza, ayo matora ngo azotuma abanyagihugu bashikira ivyo bategekanirijwe n'ibwiriza shingiro ryo mu 2010, akomeze demokarasi, atez'imbere n'abanyagihugu bose.

Basavye umugwi utegura amatora "Independent Electoral and Boundaries Commission" (IEBC) kuyategura neza, bahimiriza abakenya guha umwanya IEBC igakora igikorwa cayo.

Muri iryo tangazo, abarorerezi baserukiye ibihugu bigenzi vya Kenya, basaba ko abakozi ba IEBC batototezwa, bagashimira leta kuba yemeye kubakomereza umutekano.

Abo barorerezi mu matora ya Kenya basavye abakuru b'imigambwe hamwe n'abanyepolitike kubuza ubwicanyi n'imvugo iryanisha, bagahimiriza abayoboke babo kuvyubahiriza.

Basavye abakenya bose biyandikishije kwitaba amatora ku munsi wabigenewe, umwumwe wese agategerezwa kwumva ko atekaniwe, akingiwe n'abajejwe umutekano basabwa kutagira aho bahengamiye.

Bamenyesheje ko ata mukandida canke umugambwe bashigikira, ariko ko bashigikira ingendo ishingiye kuri demokarasi n'uburenganzira bw'abakenya mu kwitorera abazobaserukira muri kazoza kabo.