Onu: Abantu barenga 250 bishwe kubera ubwoko muri Congo

Ibiro bikuru vy'ishirahamwe mpuzamakungu Onu i New York (hagati)
Image caption Ibiro bikuru vy'ishirahamwe mpuzamakungu Onu i New York (hagati)

Ishirahamwe mpuzamakungu Onu ryavuze ko abantu barenga 250 barimwo abana 60, bitavye Imana mu bwicanyi bushingiye ku moko mu ntara ya Kasai muri Repubulika Iharanira Intwaro rusangi ya Congo (RD Congo).

Abashakashatsi ba Onu babwiwe ko inteko zijejwe umutekano zo muri ako karere hamwe n'umugwi w'abagwanyi ushigikiwe na leta (Bana Mura) barondera gutuza inyeshamba muri iyo ntara, ko ari bo bakoze ubwo bwicanyi bwabaye hagati y'ukwezi kwa gatatu n'ukwa gatandatu.

Umugwi w'inyeshamba uzwi kw'izina rya Kamuina Nsapu nawo nyene uragirizwa kuba warakoze ubwicanyi ku bantu wahiga, kandi ko wakoresha abana mu ntambara.

(Ico cegeranyo casohowe n'uwurongoye ikigo citaho iyubahirizwa ry'agateka ka zina muntu (Zeid Raa'ad al-Hussein) gishingiye ku ntahe z'abantu bahungiye mu gihugu kibanyi ca Angola kubera ubwo bwicanyi.)