UK yirukanye umupasitori "akora ibitangaro vyo kuvyara"

Pasitori Gilbert Deya ngo yoba yabwiye abagore batavyara ko bashobora kuronka abana baciye mu bitangaro Uwufise ububasha kw’isanamu PA
Image caption Pasitori Gilbert Deya ngo yoba yabwiye abagore batavyara ko bashobora kuronka abana baciye mu bitangaro

Igihugu c'Ubwongereza (UK) cirukanye umupasitori w'umukenya avuga ko akora ibitangaro vyo gusama inda muri kino gihe akurikiranwa ku kugurisha abana.

Itahukanwa rya Gilbert Deya rishitse mu gihe yaramaze imyaka cumi arondera kuguma mu Bwongereza ariko bikanka.

Yahakanye ivyo yagirijwe vyuko yivye abana batanu hagati y'i 1999 hamwe n'i 2004, igihe yitaba muri sentare ya Nairobi.

Amakenga ya mbere ku nyifato ya Bwana Deya afise ishengero mu gisagara ca Londres, yatanguriye mw'itohoza rya BBC mu 2004.

Abagore batavyara canke baciye imvyaro basengera mw'isengero rya Gilbert Deya i Peckham, mu bumanuko bushira ubuseruko bwa Londres, babwiwe ko bashobora kuronswa abana mu buryo bw'ibitangaro.

Abo bana ngo batangwa mu mavuriro yo mu ma karitiye ya Nairobi, umugwa mukuru wa Kenya.

Ishengero ryiwe "Gilbert Deya Ministries" ririko rirakogwako itohoza n'ikigo "UK Charity Commission" ku vyo rivugwako vy'uburongozi bubi.