Ibihugu vya Buraya biragabisha ku bushuhe bwiyongeye

Umunyagihugu yibombeka kubera ubushuhe ku kibanza ca Petero mweranda i Roma Uwufise ububasha kw’isanamu EPA
Image caption Umunyagihugu yibombeka kubera ubushuhe ku kibanza ca Petero mweranda i Roma

Mu duce dutandukanye twa Buraya ngo hari ubushuhe bwinshi butari bwaboneke bushika ku bipimo 44C, ivyo bikaba vyatumye ibihugu bimwe bimwe bigabisha abenegihugu bavyo.

Ubwo bushuhe ngo bwatumye haduka imiriro yo mu mashamba, ibisagara biharugwa mu mirongo bikaba vyagabishijwe vy'umwihariko n'ubushikiranganji bw'amagara y'abantu.

Ubwo bushuhe ngo bwatumye uturere tumwqe tumwe twadukamwo ici rikomeye.

Uwufise ububasha kw’isanamu EPA
Image caption Abakerarugendo baja kwibombeka mu mariba y'amazi

Iryo gabisha ryatanzwe mu duce twa Buraya aho ibipimo bigeze ku rugero ruteye amakenga.

Ubutaliyano n'akarere ka Balkans niho hageramiwe kurusha, ariko no mu gihugu ca Pologne ibipimo bihari ntivyari bwaboneke.

Muri kino gihe abantu babiri ngo bapfuye - umwe muri Roumanie, uwundi muri Pologne - abandi benshi batwawe mu bitaro kubera ubwo bushuhe, niko itororokanirizo ry'amakuru Reuters ryavuze.

Ubutaliyano bufise ibipimo 10C ku bipimo bisanzwe vyahorana muri uno mwaka.

Abanyagihugu basabwe gukurikiza akamo katewe n'ubutegetsi, basabwa kuguma mu nzu no kunywa amazi menshi.