Urunani rwa Raila Odinga ruvuga ko ibiro vyarwo vyatewe umukwabu

Raila Odinga naUhuruu Kenyatta Uwufise ububasha kw’isanamu AFP
Image caption Raila Odinga, azohiganwa na perezida Uhuru mu matora yo kuwa 08/08/2017

Umuvugizi wo mu runani Nasa rw'abatavuga rumwe na leta ya Kenya bashigikiye umu kandida Raila Odinga, yemeza ko abantu baje bifutse mu mutwe bateye umukwabu ku biro vy'urwo runani.

Abateye ku biro vya Nasa ngo bagiye bivye ibikoresho birimwo imashini za mudasobwa, terefone ngendanwa, n'ibitabo vyo kwandikamwo.

Umu kandida Raila Odinga yiteze guhiganwa n'umukuru w'igihugu Uhuru Kenyatta mu matora yo kuwa kabiri, yavuze ko azokwemera gushira aho intahe ishize ni yaramuka atsinzwe, ariko amatora yabaye ku mugaragaro.

Uhuru Kenyatta bahiganwa, nawe nyene yavuze ko azokubaha ibizova muri ayo matora yo ku munsi wa kabiri.

Ariko umwe wese ku ruhande rwiwe avuga ko yiteze insinzi.

Amatora yigeze gukurikirwa n'indyane muri ico gihugu muri kahise, cane cane ayo mu 2007, aho abantu barenga 1000 bishwe inyuma yayo.