152 000 bashobora gupfa buri mwaka iBulaya, ata gikozwe

Umuriro wa nyakanga mu bumanuko bushira ubuseruko bw'Ubufaransa Uwufise ububasha kw’isanamu AFP
Image caption Umuriro wa nyakanga mu bumanuko bushira ubuseruko bw'Ubufaransa

Gushika mu mwaka wa 2100, ibiza biturutse kw'ihindagurika ry'ibihe bishobora kuzoba vyabangamiye ibice 2/3 vy'ababa ku mugabane wa Bulaya, cane cane abari mu bumanuko bw'uwo mugabane.

Impfu zitewe n'ingaruka z'ihindagurika ry'ibihe zishobora kugera ku bantu 152000 buri mwaka, hagati yo mu 2072 no mu 2100.

Uwufise ububasha kw’isanamu AFP
Image caption Ubushuhe n'ingaruka zabwo bishobora guhitana benshi ata gikozwe vuba

Urugero rw'abapfa mu bisanzwe rwari ku 3000 buri mwaka, kuva abashakashatsi batanguye gukwirikirana ingaruka zo kwiyongera kw'ubushuhe mu 1981, kugera mu mwaka wa 2010.

Abashakashatsi bahamagarira abajejwe gufata ingingo kunyarutsa ishigwa mu ngiro ry'imigambi ijanye no kugabanya imyuka yonona igisenge c'isi, no kwitegurira neza ibiza.

Uwufise ububasha kw’isanamu AFP
Image caption Umwuzuri wateye mu 2013 Deggendorf mu bunauko bw'Ubudagi

Ibiza bishobora kubangamira umugabane wa Bulaya birimwo imiriro ya nyakanga, uruzuba n'imyuzuri.

Ako kamo kishimikiza icigwa cakozwe mu bihugu bigera ku 31 vyo ku mugabane wa Bulaya, n'ukuvuga 28 vyo mu gace k'Ubumwe bwa Bulaya, kumwe n'Ubuswise, Norvege na Iceland.

Igice kinini ca Bulaya y'ubumanuko kibangamiwe n'ubushuhe bw'umurengera, ku rugero rutari bwaboneke mu myaka icumi iheze.

Mu bice bimwe bimwe vya Bulaya, ubushuhe bugeze ku 45 ku rupimo rwa Celcius.